URAHAWE IKAZE MURI COOPERATIVE INYENYERI VISION BURUNDI

Cooperative Inyenyeri Vision Burundi ni inyishu ku gwaruka rw'Uburundi.

Ugukorera hamwe n'iyo nzira yonyene idushikana kw'iterambere rirama

Ahari ubumwe, ukwumvikana, urukundo, n'umwete; ibikorwa bikoreka neza

Imigambi Yacu Mikuru

100+

Dufise igitigiri c'ugwaruka ruri hagati y'imyaka 14 na 17 rurenga 100 mu gihugu cose turiko turigisha uko rukwiye kwitwararika isuku n'uko gwo kwikingira indwara zandukira, tukongera tukagwigisha ibijanye n'ukwiterza imbere mu gihe turindiriye ko rukwiza imyaka 18 ngo gwinjire muri cooperative rutangure gukorana n'abandi mu bikorwa vy'iterambere ku Gihugu cacu ciza no kwiteza imbere.

Ushaka kumenya uko nawe woronka aya mahirwe yo kuja mu bandi ngo wironkere inyigisho za gusa?

FYONDA HANO

330+

Cooperative yacu ifise abanywanyi b'urwaruka ruri hagati y'imyaka 18 kugeza kuri 30 rurenga 330 mu gihugu cose. Uru gwaruka ruri mu barongoye iyi cooperative, ruramaze kumenya no kubona neza ko ivyizigiro vyo gutera imbere biri hafi cane kandi ari ngombwa gukorana ishaka kugira tugere ku ntambwe y'iterambere twese twipfuza mu gihugu cose.

Ushaka kumenya uko nawe woronka aya mahirwe yo kwiyunga ukaba umunywanyi?

FYONDA HANO WIYUNGE

170+

Cooperative yacu ifise abanywanyi bakuze bari hagati y'imyaka 31 kugeza kuri 59 barenga 170 mu gihugu cose. Aba banywanyi ni icitegerezo ciza muri iyi cooperative kuko abenshi muribo ari abahinga mu bijanye n'indimiro, ubwubatsi, indero, ndetse n'ibindi vyinshi. Ibi bigatuma iyi cooperative yizerwa na benshi kuko iha amahirwe yo kuba umunywanyi uwo wese afise indoto n'ishaka ryo gukorana umwete kugira y'iteze imbere hatarabwe intara, idini, ubwoko, canke urukoba.

Uri umuvyeyi afise ico yoterera mu bijanye n'iterambere ry'ugwaruka hamwe n'Igihugu yipfuza kuba umunywanyi? Urahawe ikaze!

FYONDA HANO WIYUNGE

ABAKURU BATOWE KURONGORA COOPERATIVE

President

NTACONAYIGIZE Sharif

President / Umukuru

Team Member 2

IRADUKUNDA Ladouce

Vice President / Icegera

Team Member 3

NDAYISENGA Benitha

Secretary / Umwanditsi

Team Member 4

AKIMANA Vanessa

Assistant Secretary / Umwunganizi w'Umwanditsi

Team Member 5

KANEZA Jolie

Treasurer / Umushinguzi

Team Member 6

Mbonicizanye Révérien

Coordinator / Umutunganya Bikorwa

Cooperative Inyenyeri Vision Burundi ni ubumwe bw'ugwaruka rw'Uburundi rwahisemwo kuja hamwe mu ntumbero yo guharanira iterambere ry'Igihugu, cane cane mu gukorera mu migambi izotuma ya MBONAKAZOZA ya 2040 tuyigerako kare. Iyi cooperative kandi irimwo abanywanyi bakuze bumvise imigabo n'imigambi vy'ino cooperative, birabanyura vyongera bibashika k'umutima, ariko guca bipfuza kuja hamwe n'ugwaruka gwahisemwo gukorera mu migambi iteza imbere Igihugu ikongera ikaruteza imbere.

Mu migambi yacu nyamukuru harimwo: UBURIMWI bwa kijambere aho twateguye kurima ikawa ku rugero rushemeye, mu ntumbero yo gukomeza iki giterwa mu gihugu cacu, aho tubona ko mu gihe umunyagihugu wese yo kwitwararika mu gutera ibiti vy'ikawa mu murima wiwe, icitwa ubukene twogisezera mu mwanya muto cane.

Muri cooperative yacu twarateguye kandi uburyo bwo kugwiza AKAZI ku gwaruka mu ntumbero yo kurufasha kwitunga no kumenya ubuzima rukiri ruto, abavyeyi nabo bakaruhuka kuko basabwa vyinshi n'ugwaruka bivanye n'uko ata kazi rugira. Ukubura kwa kazi si uko kabuze mu Gihugu, ahubwo n'uko ibice bigera kuri 93% vy'ugwaruka vyafashe iyindi nzira rukaba rufise ibindi vyiyumviro bitajanye n'ibikorwa vyokorerwa mu Gihugu. Muri runsansuma abahinga ba Cooperative Inyenyeri Vision Burundi bakoze, barabonye ko ubukene buhagatije ugwaruka buterwa n'uko ugwaruka rufise iciyumviro kinini co kuba mu mahanga no gukorera mu mahanga. Ibi rero nk'intambamyi nyamukuru ituma ubukene bwariraye mu gwaruka, Koperative yacu yaje gukorana n'ugwaruka rwose mu Gihugu cacu ciza, kugira ngo tuzogere mu mwaka wa 2030 ugwaruka rwose rufise ico rukora kandi runafasha imiryango yabo. Twiyemeje gufasha canke gukorana n'uwo wese yipfuza kw'iteza imbere agateza imbere n'Igihugu cacu ciza twese dukunda.
FYONDA HANO UBANDANYE USOMA