Kurikirana ibikorwa vyacu vy’iterambere biri mu nteguro n’ivyamaze gutangura.
Muri Cooperative Inyenyeri Vision Burundi turiko turategura bishemeye imigambi ituma ugwaruka ruronka ico rukora mu gihugu, aho ruzoshobora kwitunga rukanatunga n'imiryango yagwo. Muri cooperative yacu dufadikanije n'abahinga bo muri SOSIYETE yitwa Burundi Technical Development turatahura neza ko iterambere ry'igihugu rihera hasi riduga hejuru. Kuba rero ivyo tubizi, twaricaye hamwe turarabira hamwe imigabo n'imigambi dufise ku gihugu cacu ciza mu ntumbero yo guterera tutiziganije kugire dushike kuri ya MBONAKAZO ya 2040-2060, tubona ko twese dufise imbono imwe kandi n'imigambi yacu ishaka gusa. Ariho twaciye tuja hamwe dutangura kwigira hamwe ku vyokorwa imbere y'ibindi kugira dufashe ugwaruka rw'igihugu ubwa mbere, hama duheze dutandukire mu yindi ntambwe yisumbuye y'imigambi dufise ari uko twabonye ko ibice bigera kuri 87% vy'ugwaruka mu gihugu rufise akazi n'ico ruriko rurarangura mw'iterambere ry'igihugu.
1. Twarateguye imigambi buca itangura vuba cane wo gusanura ibibanza vy'iratiro no kwubaka ibibanza vy'iratiro bishasha kandi vyiza cane, aho abanyagihugu bazosohokera n'imiryango yabo gufata akayaga, abandi nabo bahinonorere imitsi. Ibi twabiteguye tumaze gukora ivyigwa mu migambi y'intango ituma dushika kuri ya MBONAKAZOZA ya 2040-2060. Ntitwoshika kur'iyo tutabanje gusanura ivyononekaye bisa nk'aho vyibagiwe kandi ari ibibanza biratira ijisho ingezi, bigatuma Igihugu cacu kiba nyabagendwa, ndetse n'Abarundi bakishimira kubona ivyo vyiza mu gihugu cabo.
2. Twarateguye uwundi mugambi wo kwama dusuzuma amababara yose makuru makuru mu ntara zose mu ntumbero yo gukingira abiyunguruza bakoresheje imiduga, ama moto, n'amakinga hamwe n'abagenda n'amaguru kuko usanga hari amabarabara afise ibinogo vyimburutse, hagahera igihe kinini bitarafurigwa ngo hasubire kuba neza, gutyo abiyunguruza bakoresheje ayo mabarabara bayacemwo ataco binona. Muri Cooperative yacu twarize kuri iki kintu, tubona ko ari nkenerwa cane kandi gifise akamaro kanini ku banyagihugu no kuri reta kuko bikingira abanyonga imiduga kutagira amasanganya avuye m'ugukwepera ibinogo baca mu mikono atari iyabo, ugasanga bagonganye bitewe n'uko hari ikinogo cimburutse aho hantu. Uyu mugambi rero uzoba uje kandi gufasha Reta kudasubira gukoresha amafaranga menshi aho usanga isubiyemwo hafi igice c'ibabara biturutse ku kinogo catanguye ari akantu gato, ariko bivanye n'uko kitafuriwe bikiba, cagiye kiraguka bituma kibomora uruhande runini rw'ibarabara. IMBONAKAZOZA ya 2040-2060 ntitwoyigerako tudafashije Reta mu gukayanganisha amabarabara. kuko amabarabara n'ingezi mw'iterambere ry'igihugu.
3. Cooperative Inyenyeri Vision Burundi ifadikanije na SOSIYETE Burundi Technical Development, turafise ivyizere bigera kuri 65% ko IMBONAKAZOZA dushobora kuyigerako muri 2035 ari hamwe twokorana ishaka tukitanga bidasanzwe mu bikorwa vy'iterambere biharanira iteka ry'igihugu mu karere ka Afurika y'ubuseruko, ndetse no mu makungu.
Ukaba wipfuza kuja hamwe natwe mu migambi iteza imbere Igihugu cacu ciza, urahawe ikaze. Fyonda aho munsi mu kwiyunga.
Muri Cooperetive Inyenyeri Vision Burundi turiko turategura twongera twiga k'ukuntu tworima ikawa mu buryo bwa kijambere mu ntara ya Gitega, aho twipfuza kumenyesha uwo wese ashaka gukora uyu mugambi ariko akaba yarabuze abo vyofadikanya mu kuwurangura, ko yotwakura muri kino gihe tukiriko turiga twongera dutegura uko tugiye kurima iki giterwa mu ntumbero yo kuronka umwimbu ushemeye kandi uzokwamaho ibihe vyose. Ukaba ufise ico ubaza canke wipfuza kuja muri uyu mugambi, fyonda aho munsi.
INJIRA MU MUGWI