Cooperative ni iyacu. Nk’uko bisanzwe biri mu bikorwa vyacu vya minsi yose dukora,
intererano zacu zo ku kwezi nizo zituma ibikorwa vyacu bidahagarara kandi bikadufasha
kudafata amadeni.
Ukaba uri umunywanyi mushasha, tugusabe wuzurize iyi fishi iri aho munsi kugira ngo
intererano yawe yo ku kwezi itangwe mu muco ata gahato kabayemwo. Si itegeko ko
umunywanyi wese atanga intererano, ariko ni ubwigenge bw’uwubishaka.
Intererano ihera kuri 2.000FBU kugeza kuri 10.000FBU.
Uwushaka gutanga ayarenze ayo, bizova ku bushake bwiwe n’ukuntu azoba anyuzwe
n’ibikorwa abona bikorwa muri Koperative ahurikiyemwo.
Murakoze!