🚫 Muradutunga. Inyuma yo kuba mutemeje aya masezerano ntimushobora kubandanya.
Murasubizwa ku ntango mu masegonda 3
Urahawe ikaze kwiga inyigisho zitandukanye mu rurimi rw'icongereza. Tugusabe usome witonze aya masezerano.
Abahinga bo mw'ishirahamwe Inyenyeri Vision Burundi bafashe intumbero yo kwitanga mu kwigisha urwaruka ururimi rw'icongereza n'ibindi vyinshi mu buhinga bwa none, kugira ngo tuzoshike muri ya MBONAKAZOZA ya 2040 Uburundi bwacu bwiza bufise urwaruka rushobora guserukira Igihugu mu mahanga rugashobora kwisigura no gushikiriza imigabo n'imigambi iteza imbere Igihugu cacu ciza ata bwoba canke kudatahura ururimi rw'icongereza.
Umunyeshuri wese azoriha amafaranga 30.000FBU ku kwezi, ayo mahera akarihwa kw'igenekerezo rya 05 bura kwezi.
Ikiringo ivyigwa bimara ni amezi 12 kugira umunyeshuri ahabwe **CERTIFICATE OF COMPLETION**.
Umunyeshuri wese arashobora guhagarika aho ashakiye, ariko certificate ihabwa uwakwije amezi 12 gusa.
MURAKOZE!
TUBASABE KO MWOTANGA UMWIDONDORO WANYU NYAKURI